homepagekirundikirundi_Sports

#Indundi Sports| CAN2019 : Intamba mu rugamba zaraye zisezerewe na Guinée Conakry

Umugwi nserukira w’intamba mu rugamba waraye usezerewe n’umugwi nserukira gihugu wa Guinée Conakry .

Kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 30 Ruheshi 2019, niho umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba wakina urukino rwa nyuma rwo mw’itsinda B n’umugwi nserukira gihugu wa Guinée Conakry, urwo rukino rukaba rwarangiye Guinée Conakry itsinze ibitsindo 2-0.

Umugwi w’intamba mu rugamba ukaba waciye urangiriza aho urugendo rwo kubandanya mu gice 1/8 gishira ica nyuma muri iryo higanwa rya CAN 2019 ririko ribera muri Egiputa.

Ivyo bitsindo vyompi umugwi Guinée Conakry watsinze bikaba vyinjijwe n’umukinyi umwe ariwe M. Yattara. Igitsindo ca mbere yacinjije mu gice ca mbere c’urukino ku munota wa 25 nayo ica kabiri agitsinda ku munota wa 52 w’urukino .

Mukamenya y’uko intamba mu rugamba zakinye urwo rukino zidakwiye bivanye n’ikosa umukinyi w’inyuma Nduwarugira Christophe yakoze ku munota ugira 12 urukino rutanguye, ryaciye rituma ahabwa ikarata itukura.

Mwomenya kandi y’uko murundi rukino basangiye itsinda rimwe n’intamba mu rugamba rwariko ruhuza Nigeria hamwe na Madagascar rwarangiye Madagascar itsinze Nigeria ibitsindo 2-0, ivyatumye Madagascar ifata ikibanza ca mbere n’amanota 7 igakurikirwa na Nigeria ifise amanota 6. Guinée Conakry nayo inyuma yo gutsinda Uburundi yaciye ifata ikibanza ca 3 n’amanota 4 nayo intamba zisezerera iryo higanwa rifise ubusa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871