homepagekirundikirundi_Sports

CAN2019 : Intamba mu rugamba zaraye zishitse amahoro i Cairo

Umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba waraye ushitse neza i Cairo aho ugiye gutana mu mitwe n’umugwi nserukira gihugu wa Guinea Conakry kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 30 Ruheshi.u

Kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya 28 Ruheshi umwaka wa 2019, igihe c’isaha indwi n’igice (13h30) niho umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba wafata urugendo werekeza i Cairo gukina urukino rwa nyuma rwo mw’itsinda B barimwo ruzobahuza na Guinea Conakry kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 30 Ruheshi umwaka wa 2019 igihe c’isaha icumi na zibiri z’umugoroba (18h00) ku masaha ya hano iwacu.

Intamba mu rugamba zikaramuka zitsinze urwo rukino zishobora kubandanya mu gice 1/8 gishira ica nyuma c’iryo higanwa rya CAN ririko ribera muri Egiputa kuko bashobora kuraba imigwi 4 irusha iyindi amanota yafashe ibibanza vya 3 mw’itsinda niyo izoca ikina igice gikurikira bakayita (les meilleurs Perdans).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871