homepagekirundikirundi_Sports

CAN2019 : Pacifique Ndabihawenimana niwe agiye guhagarikira urukino rwa Guinée Bissau na Bénin

Pacifique Ndabihawenimana niwe murundi wenyene rudende yagiye muri Egiputa nk’umuhagarikizi mu nkino z’igikombe ca Afrika CAN.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 29 Ruheshi umwaka wa 2019, niho umuhagarikizi wo hagati w’umurundi Pacifique Ndabihawenimana aza guhagarikira urukino rwiwe rwa mbere ruza guhuza umugwi nserukira gihugu wa Guinée Bissau hamwe na Bénin ruza kuba isaha zine z’ijoro zuzuye neza (22h00).

Rikaba ari irya mbere Pacifique Ndabihawenimana ahagarikira inkino za CAN kuva aho atanguriye akazi  k’ubuhagarikizi.

Hampande yo guhagarikira CAN y’abakuze y’uyu mwaka wa 2019 uyo muhagarikizi mu mwaka wa 2017 yaragarikiye inkino za CAN z’abari munsi y’imyaka 17 zabereye muri Gabon, mu mwaka wa 2018 yasubiye arahagarikira inkino z’abakinyi bakina mu bihugu vyabo arizo CHAN, yasubiye kandi arahagarikira inkino z’abatarenza imyaka 20 z’igikombe c’isi zabereye mu gihugu ca Pologne, muri uyu mwaka wa 2019 asubira kandi arahagarikira inkino za CAN z’abatarenza imyaka 20 zabereye muri Niger.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871