abakinyi bakina hanzefootballintamba murugamba

# Indundi Sports | CECAFA -20| Arthur Nibikora niwe yabaye umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi

Inyuma yo gutsinda ibitsindo 3 wenyene muri 5 -0 bari batsinze Djibouti mu rukino rwa mbere rwa CECAFA -20 yari imaze imisi iriko ibera mu gihugu ca Sudani, Arthur Nibikora niwe yatowe nk’umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi gusumba abandi muri iryo higanwa .

Muri izo nkino za CECAFA -20 , Uburundi bwarashoboye gusezererwa mu matsinda aho bwarangije buri mu kibanza ca 3.

Arthur Nibikora rero agashimwe kiwe kakaba karahawe uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Général de Brigade de Police Muyenge Alexandre kugira akamushikanire.

Mwomenya ko igikombe ca CECAFA -20 catahukanye umugwi nserukira gihugu w’Ubuganda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 205