homepagekirundikirundi_Sports

CECAFA challenge Cup women : Intamba z’abigeme zanyagiye Zanzibar ibitsindo 5-0

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 16 Munyonyo 2019 isaha icenda 15h00 mu masaha ya hano iwacu niho umugwi nserukiragihugu w’abigeme watana mu mitwe n’umugwi nserukiragihugu wa Zanzibar mu rukino rwa mbere rwa CECAFA Challenge women y’abigeme iriko ibera mu gisagara ca Dar es Salaam mu gihugu ca Tanzania.

Intamba z’abigeme zikaba zitwaye neza mbere zirananyagira umugwi nserukiragihugu wa Zanzibar ibitsindo 5-0.

Sakina akaba yatsinze 2 , Sandrine atsinda 1 , igitsindo 1 baracitsinda nayo ikindi 1 catsinzwe na Aniella.

Intamba z’abigeme zikaba zizokina urukino rwa kabiri n’umugwi wa Tanzania igenekerezo rya 18 Munyonyo 2019, zikaba ziri mw’itsinda A n’umugwi wa Zanzibar, Tanzania hamwe na Sudani y’epfo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871