homepagekirundikirundi_Sports

CECAFA Kagame Cup : Jules Ulimwengu abandanya akora ibitangaza muri Rayon Sports

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze niho Rayon Sports yakina urukino rwa kabiri mw’ihiganwa CECAFA kagame Cup rwayihuza n’umugwi Atlabara. Urwo rukino rukaba rwararangiye Rayon sports itsinze Atlabara ibitsindo 2 -0.

Ivyo bitsindo bibiri vyose kibaba vyaraye vyinjijwe n’umukinyi w’intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 23 Jules Ulimwengu. Igitsindo ca mbere akaba yagitsinze ku munota wa 14 nayo ica kabiri acinjiza ku munota wa 79.

Jules Ulimwengu akaba ariwe yatowe nk’umukinyi afise ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ry ‘igihugu c’Urwanda Azam premier league muri kino gihe no muri iryo higanwa rya Cecafa Kagame cup niwe afise ibitsindo vyinshi aho mu nkino 2 amaze gukina afise ibitsindo 3.

Mukamenya y’uko n’urukino rwa mbere Rayon sports yakinye na Tp Mazembe uyo mukinyi niwe yatsindiye igitsindo kimwe rukumbi catumye Rayon sports yegukana amanota 3

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871