Cèdric Kaze abandanya yitwara neza muri Tanzania .
Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 31 gitugutu umurwi Biashara United wari wakiriye Yang Africans mu rukino rw’indwi ya 8 y’ihiganwa ryo mu gihugu ca Tanzania , urwo rukino rukaba rwarangiye yang Africans yirahiye Biashara United igitsindo 1-0, kikaba catsinzwe na Miachael Sarpong yahoze ,akinira Rayon Sports mu mwaka uheze .
Yang Africans yagumye mu kibanza ca kabiri n’amanota 22 mu nkino 8 imaze gukina, mugihe Azam Fc banganya amanota iri mu kibanza ca mbere n’amanota 22. mu nkino 9 imaze gukina
Mu nkino zi 3 Cedric Kaze amaze kumenyereza umugwi Yang Africans akaba ataratakaza n’ukuriko na rumwe .
inkino amaze gukina zikaba ari izi zikurikira:
– Yang Sc 1-0 Polisi Tanzania
– KMC 1-2 Yang Sc
– Biashara United 0-1 Yang Africans