footballhomepagekirundikirundi_Sports

Christian Kabera agiye kumenyereza Messager Rumonge

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 09 Ndamukiza 2020, niho hamenyekana y’uko Umumenyereza Kabera Christian batazira Morinho yagizwe Umumenyereza wa Messager Rumonge .

Aganira na Indundi Sports Kabera Christian yashoboye kwemera ayo makuru aranavuga y’uko agiye kumenyereza umugwi wa Messager Rumonge wo mu cicaro ca kabiri mu nkino zogusubiriza nibashima ibikorwa vyiwe bazoca bamuha amasezerano mashasha y’ikiringo kirekire .

Kabera Christian batazira Morinho  akaba yaramenyereje imigwi ya Academie Esperance Remera Kigali mu mwaka wa 2010, Les amis mu cicaro ca kabiri mu mwaka wa 2013, Flambeau de l’est mu mwaka wa 2014 na 2015, Ngozi city Umwaka wa 2016, Delta Star mu mwaka wa 2017, Magara Star mu mwaka wa 2018 hamwe na Les Elephant mu mwaka wa 2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891