homepagekirundikirundi_Sports

Coach Bawili yitavye Imana giturumbuka

Uwahoze ari umumenyereza wa Les lièrres akongera akaba n’umukinyi wa kera w’Umugwi Athletico Olympic Bawili benshi bazi kw’izina rya Mutombo yitavye Imana giturumbuka.

Mu gatondo ko kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 24 Rusama umwaka wa 2019 , niho hamenyekana urupfu rw’uyo mumenyereza Bawili .

Bikavugwa y’uko yaguye mw’ibarabara mugihe yariko aratembera .

Ku makuru Indundi Sports yaronse n’uko Bawili yari asanzwe agendana ingwara y’umutima ari nayo buvugwa y’uko yoba yamuhitanye.

Yakinye mu migwi ikomakomeye hano iwacu nka Chanic igikinamwo ba Bangama akina muri Inter Star hamwe n’umugwi Athletico Olympic. Arangije ivyo gukina yaciye aba umumenyereza akaba yaramenyereje imigwi ya Les lierres, Buja City hamwe na Les Guepier du Lac, muri kino gihe akaba yari asanzwe amenyereza Buja City yo mu cicaro ca gatatu.

Indundi Sports ikaba ihojeje umuryango wabuze iwusaba kwihangana muri bino bihe bidasanzwe urimwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871