homepagekirundikirundi_SportspromotedTabacYvan muziki

Coupe du Président : Aigle Noir yaraye itwaye igikombe citiriwe umukuru w’igihugu

Umugwi Aigle Noir wo mu ntara ya MAkamba waraye utwaye igikombe citiriwe Umukuru w’igihugu.

Kuri uyu wa gatandatu waraye uheze igenekerezo rya 11 Rusama umwaka wa 2019 , isaha umunani z’umuhingamo 14h00 , ku kibuga c’ingoma kiru ku mugwa mukuru wa Polike i Gitega , niho haba urukino rwanyuma rw’igikombe citiriwe Umukuru w’igihugu rwahuza umugwi wa Aigle Noir hamwe n’umugwi wa Rukinzo FC, urwo rukino rukaba rwarangiye Aigle Noir itsinze RukinzoFc ibitsindo 3 kuri 1.

Jama Bazunza niwe yatanguye gutsindira Rukinzo Fc igitsindo ku munota wa 28 w’urwo rukino kiza kugomborwa na Cedric Tity Mavugo ku munota wa 37 w’urukino igice cambere kirangira banganije igitsindo 1 kuri 1.

Igice ca kabiri Aigle Noir yarasatiriye Rukinzo FC bimwe bikomeye gushika aho ironka igitsindo kigira kabiri ku munota wa 67 w’urukino biciye ku musatirizi wabo Gasongo, uyo musatirizi ntiyatevye kuko ku munota wa 79 yasubiye kandi akinjiza igitsindo kigira gatatu iminota 90 irangira Aigle Noir itsinze Rukinzo Fc ibitsindo 3 kuri 1.

Aigle Noir ukaba waciye utwara igikombe kigira kabiri , inyuma yo gutwara igikombe ca Primus league c’uyu mwaka wa 2018-2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871