homepagekirundikirundi_Sports

Coupe du Président : hamenyekanye uko imigwi izohura mu gice ca 16 gishira ica nyuma

Kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 05 Ruhuhuma isaha zitandatu n’igice 12h30 kuri Helena Hotel iri mu ntara ya Gitega niho hakorwa tombola y’ukungene imigwi izohura mu gikombe c’ihiganwa citiriwe umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza.

Uko niko imigwi izohura :

– Flambeau de l ‘est izohura na Bs dynamic

– Buhumuza ihure na Ngozi city

– Messager Rumonge izohura na Vital’o Fc

– Top Junior izohura na Athletico Academy

– Mabanda City izohura na LLBS4A

– St Basile izohura na Les lierres

– Holly Center izohura na Bumamuru

– Les elephants izohura na Rukinzo Fc

– Unité izohura na Messager Ngozi

– Abagenzi Fc izohura na Buja City

– Royal Fc izohura na Musongati Fc

– New Oil izohura na Aigle Noir

– Lumiere izohura na Olympic Star

-Garage Fc izohura Flambeau du centre

– Delta Star izohura na Inter Star

– Nyanza Lac izohura na Kayanza United .

Mukamenya y’uko izo nkino zizokinwa hagati y’amagenenerezo ya 18 , 19 na 20 Ruhuhuma 2020.

Amatariki n’ibibuga bazokinirako muzobimenyeshwa nabo mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi mu misi iri imbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871