footballhomepagekirundikirundi_Sports

Coupe du Président : Iyi niyo migwi yagiye mu gice 1 /4 gishira icanyuma

Kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 11 Ntwarante 2020, ihiganwa ry’igikombe c’umukuru w’igihugu ryari ryabandanije mu gice ca 8 gishira icanyuma c’inkino zo gusubiriza .

Uko niko imigwi yatsindanye :

– Lumière de Mwumba yatsinzwe na Athletico Academy ibitsindo 2 kuri 0 bituma Lumière izesererwa ku bitsindo 3 kuri 5 vya Athletico mu nkino zibiri bahuye

– Garage Express yatsinzwe na Vital’o Fc ibitsindo 2 kuri 0 , bituma Garage Fc isezererwa ku bitsindo 4 kuri 5 mu nkino zibiri bahuye

– Musongati Fc yatsinze Les jeunes Athlétique Fc ibitsindo 2 kuri 0 , bituma Musongati Fc ibasezera ku bitsindo 3 kuri 1 mu nkino zibiri bahuye

– Inter Star yatsinzwe na Bs Dynamic ibitsindo 2 kuri 0 ariko ntivyabujije Inter Star kubandanya mu gice gikurikira kuko mu nkino zibiri bahuye Inter Star ufise ibitsindo 3 kuri 2

– Unité Fc yatsinzwe na Rukinzo Fc igitsindo 1 kuri 0 ivyatumye Rukinzo Fc ibasezerera bivanye n’uko mu nkino zibiri bahuye Unité Fc igifise igitsindo 1 kuri 4 vya Rukinzo Fc

– Kayanza United yatsinzwe na Buhumuza ibitsindo 2 kuri 3 ivyatumye Buhumuza ibasezerera bivanye n’uko mu nkino zibiri bahuye Kayanza United yinjijee ibitsindo 2 kuri 4

– Aigle Noir yatsinze LLBS4A ibitsindo 2 kuri 1 ivyatumye Aigle Noir ibasezerera bivanye n’uko mu nkino zibiri bahuye Aigle Noir yinjije ibitsindo 4 kuri 2

Muri iyo migwi yose yarenganye mu gice ca 1/4 gishira icanyuma, umugwi umwe gusa niwo ukina mu cicaro ca kabiri uwo nawo akaba ari Buhumuza Fc iyindi migwi ikina mu cicaro ca mbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891