homepageArsenalInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

David Nshimirimana yaguzwe na Buildcon Fc

Umukinyi w’inyuma w’intamba mu rugamba David nshimirimana yaguzwe muri Zambia.

Inyuma y’amakuru yaguma akwiragira hose avuga y’uko David Nshimirimana atakibarizwa ku butaka bw’Urwanda kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 05 Ntwarante umwaka w’2019 ikinyamakuru gisanzwe cegukira umugwi Mukura Victory Sports cahavuye cemeza y’uko uyo mukinyi w’inyuma w’intamba amazwe kugurwa .

David Nshimirimana akaba yahawe amasezerano y’imyaka ibiri yo gukinira umugwi Buildcon Fc ukina mu cicaro ca mbere muri Zambia .

Uyo mugwi Buildcon Fc ukaba uri mu kibanza ca gatatu n’amanota 11 mw’ihiganwa ryo muri Zambia .

Uyo mukinyi w’intamba mu rugamba akaba ahambije abandi bakinyi b’abarundi basanzwe bakina muri Zambia nka Nsabumukama Enock, Dieudonne Ntibahezwa, Mavugo Laudit , Don Parfait hamwe na Arakaza Mac Arthur.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871