homepagekirundikirundi_Sports

Déo Ngendahayo agiye kuzana impinduka mu mugwi Inter star

Kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 21 Gitugutu umwaka wa 2019 mu nyubakwa za Kaminuza yitiriwe amahoro no gusubiza hamwe iri hepfo y’ibitaro Prince Regent Charles ahitwa kwa Rukara , niho Déo Ngendahayo yahabwa icese umugwi wa Inter Star inyuma y’indwi zibiri atowe n’ikoraniro rya bose ry’umugwi wa Inter Star.

Déo Ngendahayo akaba yari asanzwe aba mu gihugu c’ububirigi muri kino gihe yabanje gushimira abamutoye bose kurongora Umugwi Inter Star, akaba yagize ati :

“gusubira kwizerwa ugatorwa ni ikuntu ubanza kwiyumvira cane ariko urukundo nkunda Inter star rwatumye nsubira mu mabanga yo kurongora uyo mugwi kuko Inter Star n’umwana wanje “.

Déo Ngendahayo akaba yaravuze imigambi mishasha agiye gukorera uyo mugwi nayo ni ukwiruka hose arondera abo bazokorana kugira abakinyi ba Inter Star baronke abandi bagwizatunga botuma bahabwa amaseserano azobafasha gutera baja imbere .

” Ngiye kwiruka hose ndondera abo tuzokorana kugira abakinyi baronke abandi bagwizatunga botuma bahabwa amasezerano yobafasha batera baja imbere ariko babanje kwerekana ishaka mu kibuga”.

Déo Ngendahayo akaba yarashimiye vy’imva mutima uwutwara umugwi wa vital’O Fc muri kino gihe ariwe Djamal Seifu kubona yari yishikiye kuza kubashigikira.

Asubira avuga y’uko umugwi Vital’O Fc ko ari umwe mu migwi basangiye ibintu vyinshi cane harimwo n’iterambere ry’umupira w’amaguru mu Burundi .

Mukamenya y’uko atari irya mbere Déo Ngendahayo arongora umugwi Inter Star kuko kuva mu mwaka wa 2010 gushika mu mwaka wa 2013 niwe yarongora uyo umugwi munyuma abona kuwuvamwo aja kwiyunga na Athletico Olympic agiye ajanye n’abandi bakinyi bamwe bamwe bari bakimuyoboka muri uyo mugwi wa Inter Star ico gihe.

Ni ishusho nziza ku mupira w’amaguru mu Burundi kubona umugwi Inter Star ugiye kuva mu bibazo wagiye uracamwo mu myaka iheze mbere ukaba unagiye kugira komite mugihe hari haciye ikiringo c’imyaka ibiri ata komite ufise.

Izi nizo Ndongonzi nshasha zatowe zigiye gutwara Umugwi Inter Star .

#Umukuru_w’umugwi:Ngahayo Deo
#Icegera_ca_mbere:Hakizimana Céléstin
#Icegera_ca_kabiri:Kanyaburundi Mustafa
#Sécrétaire_éxecutif: Adidja Ramadhan
#Umushinguzi:Abdi Misago

#Akanama kinarabonye(Comité des sages)
-Mzee Radjabu
-Mzee Valentin
_Mzee Set
_Mzee Kasim
-Ngowe Omar alias Afya
-Amadi Sefu

#Uburongozi bw’ubuhinga(Direction Technique)
-Mbanza Hussein
-Hakizimana Kitwa

Abo akaba berekanywe munama ya bose yabaye kuna wa mbere igenekerezo rya 21 Gitugutu 2019 yabere kuri Kaminuza yitiriwe amahoro nogusubiza hamwe bita kwa Rukara kuva isaha zine zigitondo(10h) gushika isaha zitandatu(12h00).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871