homepagekirundikirundi_Sports

Déo Ngendahayo yasubiye gutwara Inter Star

Ku musi wa kabiri uheze igenekerezo rya 1 Gitugutu umwaka wa 2019, niho hashingwa comité nshasha igiye gutwara Inter Star inyuma y’imyaka ibiri uyo mugwi ubaho utagira Comité nkuko vyashikirijwe n’uwusanzwe atwara Protocole y’uwo mugwi ndetse n’umutekano ariwe Jean Marie Vianney.

Jean Marie Vianney mu kiyago gito yakoranye na Indundi Sports yasiguye impamvu yatumye bashinga Comité nshasha aranemanga y’uko batigeze birukana uwahota atwara uyo mugwi asanzwe aba muri reta zunzumwe za America Djuma Murisho.

Akaba yavuze ati : “Umugwi Inter Star muri kino gihe ubu ibintu bimeze neza twaronse Comité nshasha twari tumaze imyaka ibiri hafi itatu ata Comité dufise kuko kuva aho dukorokeye mu cicaro ca kabiri umugwi wari urongowe n’uwitwa Et’oo yaciye atanga imihoho kuva ico gihe twaciye tubadanya n’uwari asanzwe adufasha kandi yari afashanya na Et’oo ariwe Djuma Murisho urya yari Manager murazi y’uko kuba umu Manager hamwe na Comité ari ibintu bibiri bitandukanye nta mugwi n’umwe wobaho ata Comité ufise ukagumana Manager gusa wewe azobandanya akora ako kazi nyene hama Comité nayo izobandanya n’ibindi”.

Abajijwe ikibazo co gusubiza Déo Ngendahayo mu mabanga yo kurongora Inter Star inyuma y’imyaka itandatu amaze atanze imihoho muri uyo mugwi akagenda kwiyunga n’imugwi wa Athletico Olympic ajanye n’abakinyi bamwe bamwe bari kumwe mu mugwi Inter Star ico gihe, yagize ati :

“Déo Ngendahayo ntiyigeze atanga imihoho ico gihe ahubwo Comité yari yamushizeho niyo yahisemwo kumukura mu burongozi bw’uyo mugwi ninayo igiye kumusubizaho muri iki gihe”.

Abajijwe kuvyerekeye ikibazo c’umumenyereza w’uyo mugwi Bimenyimana Robert yamaz guhagarika kumenyereza uyo mugwi bivanye n’uko bamuheraniye umushahara w’amezi abiri nawe akaba yishuye ati : “Umumenyereza ategereza kuronka umushahara wiwe binashobotse azosubira mu mugwi kuko nta kosa na rimwe afise ninayo mpamvu twashizeho Comité nshasha kuko umugwi ntushobora kubaho nk’umugwi wo mw’ibarabara ivyo bibazo vyose nivyo vyatumye abakunzi bamwe bamwe b’umugwi Inter Star bahagarika gushigikira umugwi, ivyo ntibishoboka”.

Jean Marie Vianney akaba yarangije asaba abakunzi b’uyo mugwi gushira umutima hamwe ndetse n’urukino rwo ku musi wa gatanu abahamagarira kurwitabira ku bwinshi baze gushigikira uwo mugwi”.

Iyi niyo Comité nshasha igiye kurongora umugwi Inter Star muri kino gihe :

.Membres exécutif :

– Président : Déo Ngendahayo

-1er vice : Abdoul Maindo

-2e vice : Hakizimana Célestin

-Sécretaire Général: Adidja Ramadhani

-Sécretaire Adjoin: Murisho Ramadhan

-Trésorier : Misigaro Abdillah

-Trésorier Adjoint : Ndabacekure Shabani

-Présiden de l’assemblée : Mzee Radjab

-Président Adjoint : Nkurikiye Valentin.

– Rurameze Ahmad

-Chargé de Protocole et Sécurité : Nshimirimana Jean Marie Vianney

-Directeur Technique : Kitwana Hamiss
-Banza Hussein

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871