footballhomepagekirundikirundi_Sportsprimus ligue

Derby ya Inter Star na Vital’o iza nkiyamaze guta akanovera

Mugihe ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryamaze gufata ingingo yo kwemerera abakunzi b’imigwi iyariyo yose ikinira ku kibuga c’intwari kuzohora ijana  abarorerezi 50 kuri buri mugwi, abakunzi b’inkino babona y’uko abo bantu ari bake .

Imvo yo  kwankira abarorerezi benshi kwinjira mu kibuga ni uko mu rukino rw’igice ca kabiri gishira icanyuma c’igikombe c’umukuru w’igihugu rwahuje Inter Star na Musongati ku kibuga c’intwari  igihe urukino rwari ruhejeje kurangira ,  abarorerezi baciye binjira mu kibuga ivyatumye uwutwara FFB honorable Révérien Ndikuriyo guca afata ibihano vyo gukinira ku kibuga c’intwari  ata barorerezi ariko munyuma yahavuye  agabanya ibihano yemerera abarorerezi 50 kuri buri mugwi ko aribo bazohora bemererwa kwinjira mu kibuga igihe imigwi yabo izoba yama iriko iratana mu mitwe n’iyindi migwi.

Kuvaho Uburundi bwikukiye, ni ubwa mbere Derby ikomeye cane ihuza umugwi wa Inter Star na Vital’o Fc yitabirwa n’abantu bake cane, bamwe mu bakunzi b’iyo migwi umubabaro ni wose bivanye n’ingene bataza kuza kwishikira ku kibuga kuri uno musi.

Ivyo bikaba vyaciye bituma umuvuduko ugabanuka w’iyo Derby ikomeye cane mu gihugu cacu c’Uburundi iza kuba kuri uyu wa gatandatu 30/05/202 gushika ku bice 90%.

Naho Inter Star iri mu kibaza ca 10 mw’ihiganwa rya Primus league , Vital’o nayo igafata ikibanza ca 5 Derby yama ari Derby abantu bategezwa kubona urukino rwiza .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891