abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_SportsUncategorized

# Indundi Sports | Derick Mkombozi yagizwe kizigenza wa Nkana Fc

Umukinyi w’inyuma w’intamba mu rugamba Derick Mkombozi akinira umugwi Nkana Fc abandanya yizerwa muri uwo mugwi .

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 20 Myandagaro niho umugwi Nkana Fc wari wakiriye umugwi Kabwe Worriors mu rukino rw’indwi ya mbere y’ihiganwa ryo muri Zambia, urwo rukino rukaba rwarangiye ari 0-0.

Umumenyereza w’umugwi Nkana Fc ari kumwe na Staff yiwe bahisemwo gutora Mkombozi Dérick nka kizigenza mushasha w’ihiganwa ry’uwu mwaka wa 2022-2023.

Mwomenyako Dérick Mkombozi ari umwe mu bakinyi b’inyuma ngenderwako mu mugwi Nkana Fc wo muri Zambia .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 362