footballIKIRUNDI_newsInkinokirundi_Sportsprimus ligueSport

# Indundi Sports| Djamal Seif niwe yaguze Flambeau de l’Est

 

 

 

Uwigeze kuba umurongozi wa Vital’o Fc imyaka itari mike Djamal Seif , yaguze umugwi Flambeau de l’est wo mu Ruyigi.

Djamal Seif yari yemeranije na Honorable Jean Claude Nkunzimana yari asanzwe atwara uwo mugwi ko  azowumuha umaze gukora mu cicaro ca kabiri ariko birangiye uwo mugwi ubarizwa Djamal Seif .

biravurwa y’uko Impamvu yoba  yatumye Djamal Seif afata umugwi utaratibuka nkuko bari bavyumvikanye ngo n’uko Honorable Jean Claude Nkunzimana , yagiye hanze ataye umugwi kandi atanumwe asezeye , ivyaciye biba ngombwa ko Djamal Seif afata uwo mugwi mu minwe kuko ibikenewe vyose vyerekana ko amaze kugura uwo mugwi vyari vyamaze gukorwa .

Bikavurwa kandi ko  Djamal Seif uwo mugwi yoba yawuguze imiriyoni zishika kuri 25 z’amarundi , mbere azoca awuhindura n’izina awitirire izina rya Academy Ubumwe igihe uzoba wakorotse mu cicaro ca kabiri .

Intumbero ya Djamal Seif kugura uwo mugwi ni ukuramura abakinyi abadugana mu cicaro ca mbere cane cane mu mugwi Vital’o Fc umugwi yarongoye imyaka itari mike .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 315