homepagekirundikirundi_Sports

Dushigikire intamba zacu : Imiriyoni 54 niyo mafaranga ishirahamwe FFb ryaraye rihawe

 


Umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba ubandanya ushigikirwa muri wa mugambi bise Dushigikire Intamba zacu.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 13 Ruheshi umwaka wa 2019, isaha zitatu zo mugatondo  ku kigo c’ishirahamwe ry ‘umupira w’amaguru mu Burundi niho uwusanzwe arongoye inama nkenguzamateka akongera agatwara ishirahamwe ry ‘umupira w’amaguru mu Burundi FFB Nyakwubahwa Réverien Ndikuriyo yakira ama sheke atandukanye azanywe n’inama nshingamateka hamwe n’amashirahamwe atandukanye kugira barabe y’uko umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba wobasha kwitwara neza mu mahiganwa ya CAN2019 agiye kubera muri Egypte.

Aya niyo amashirahamwe yaterereye :

– Ethiopia Airline : 19.000.000fb ayo nayo akazofasha muvyo gutwara abakinyi n’abagenda bashigikiye Umugwi

– Inama Nkenguzamateka: 15.000.000fb

– CECADM: 5.000.000fb

– Toyota Burundi: 5.000.000fb

-Dura Coat: 5.000.000fb

-Sobugea: 5.000.000fb

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871