homepageInkinokirundikirundi_Sports

East Africa Chipkizi Cup : Vivier Bahati n’umugwi wiwe Azam U20 nibo baraye batahanye igikombe

Ku musi wa Mungu uheze igenekerezo rya 15 Kigarama 2019 niho umugwi Azam w’abatarenza imyaka 20 umenyerezwa n’umurundi Vivier Bahati wakina urukino rwa nyuma Final mu gikombe ca East African Chipkizi Cup y’abatarenza imyaka 20 n’umugwi Future Stars Academy w’i Arusha . Urwo rukino rukaba rwarangiye Azam U20 itsinze Future Starts Academy ibitsindo 3-1.

Umumenyereza w’umurundi Vivier Bahati niwe yaraye atwaye ico gikombe amenyereza iyo misore iratenza imyaka 20.

Bahati Vivier akaba yari yatwawe mu mugwi Azam Fc w’abakuze na Etienne Ndayiragije kugira abe icegera ciwe muri kino gihe yamaze guhabwa uwo mugwu wa Azam U20.

Vivier Bahati ni umwe mu bamenyereza beza Uburundi bufise kandi bwishimira akaba asanzwe afise impamyabushobozi Licence B y’ubumenyereza.

Mukamenya y’uko muri iryo higanwa rya East African Chipkizi Cup n’Uburundi bwarimwo ariko ntibwigeze bwitabira iryo higanwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871