homepagekirundikirundi_Sports

Eliminatoires CHAN2020 : Abamenyereza 3 nibo batowe kumenyereza intamba

Kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 15 umwaka wa 2019 isaha zitanu 11h mu kigo c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB niho uwusanzwe atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB akongera akaba n’umukuru w’inama nkenguzamateka Reveriyano Ndikuriyo yatanga ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamamuru.

Ico kiganiro kikaba cari ico kubamenyesha abamenyereza bashasha bagiye kumenyereza umugwi nserukira gihugu w’abakinyi bakina mu Burundi nabo bakaba bimirije urukino rwo gukurakuranamwo rwo kurondera itike yo gukina igikombe c’abakinyi bakina iwabo CHAN 2020 zizobera muri Cameroun.

Abo bamenyereza batatu bakaba basubiriye umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko aho wewe yasavye y’uko yogumana umugwi mukuru gusa ni nawo asanzwe amenyereye niho uburongozi bw’umupira w’amaguru mu Burundi FFB guca bufata ingingo yo gutora abo bamenyereza abo nabo akaba ari Jimmy Ndayizeye amenyereza umugwi le Messager Ngozi , Joslin Bipfubusa amenyereza Aigle Noir hamwe na Omar Ntakagero yari asanzwe ari icegera ca Olivier Niyungeko muri kino gihe amenyereza umugwi Buja city .

Mukamenya y’uko uyo mugwi nserukira gihugu w’abakinyi bakina hano iwacu mu rukino rwa mbere rwo gukurakuranamwo rwo kurondera itike yo gukina CHAN 2020 watsinze Sudani y’epfo bikaba vyaciye bibaha amahirwe yo guhura n’Ubuganda mu nkino zigira kabiri.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871