homepagekirundikirundi_Sports

Eliminatoires CHAN2019 : Ibiciro vyo kwinjira mu rukino rw’intamba na Uganda vyamenyakanye

Mu gihe hategekanijwe urukino rwo gukurakuranamwo rwo kurondera itike yo kwitabira inkino za nyuma z’abakinyi bakina mu bihugu vyabo CHAN 2020 zizobera muri Cameroun, kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 18 Nyakanga umwaka wa 2019, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryashize ahabona ibiciro vyo kwinjira mu rukino rwo gutangura ruzohuza intamba mu rugamba hamwe n’ubuganda kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 21 Nyakanga umwaka wa 2019 igihe c’isaha icenda 15h00 ku kibuga c’intwari .

– Ku mpande z’ikibuga : kwinjira ni amafaranga 2000fb

– Mu bwugamwo A na D : kwinjira ni 50000fb

– Mu bwugamwo B na C : Kwinjira ni 10.000fb

-Mu bwugamwo bw’iteka benshi bita V.I.P : kwinjira ni 50.000fb .

Mukamenya y’uko ayo matike azotangura kudandazwa isaha zibiri zo mu gatondo 8h00 zo mu gatondo uyo musi nyene w’urukino mu bibanza bikurikira :

– Palais des Arts
– Zone Buyenzi
-Gare du Nord .

Ikibuga kikaba gitegekanijwe kwugurirwa kuva isaha zitanu zo mu gitondo (11h00) cugarwe isaha umunani n’igice (14h30).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871