homepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Elvis Kamsoba azokwitabira inkino za CAN 2019

Umukinyi w’umusatirizi w’umurundi akina muri Australia yamaze kwemera kuza kwifadikanya na bandi mu nkini za CAN 2019 zigiyw kubera muri Misiri.

Ayo makuru akaba yavuzwe Manager Mutima Constatin asanzwe araba ivyabakinyi b’abarundi bakina mu bihugu vy’ iburaya na handi kugira baze gukina mu mugwi Nserukira gihugu w’intamba mu rugamba.

Mutima avuga y’uko imbere y’uko urukino rw’intamba mu rugamba hamwe na Gabon ruba yari yaganiriye na Elvis Kamsoba amubaza y’uko yoza kwifadikanya na bandi muri urwo rukino ariko ntivyahavuye bikunda ko aza ariko akaba yaramwemereye y’uko mu nkino za CAN 2019 zigiye kubera muri Misiri azokwifadikanya na bagenziwe.

Mukamenya y’uko Elvis Kamsoba asanzwe akina mu mugwi Melbourne Victory wo mu cicaro cambere mu gihugu ca Australia .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871