homepagekirundikirundi_Sportsprimus ligue

Eric Ndizeye na Hussein Ndayishimiye bahanwe na FFB

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 05 Rusama 2020, niho haboneka ikete rivuye mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB rivuga y’uko ryafatiye ibihano abakinyi babiri aribo Ndayishimiye Hussein wa Vital’o Fc hamwe na kizigenza w’umugwi wa Musongati Fc Ndizeye Eric .

Ivyo bihano bikaba vyafashwe n’igisata kijejwe guca imanza mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB.

Imvo yatumye abo bakinyi bahanwa ngo ni uko bagaragaje ingendo itabereye mu gushamirana mu rukino rwo gusubiriza rw’igice ca kane gishira icanyuma c’igikombe c’Umukuru w’igihugu rwabereye i Gitega igenekerezo rya 12 Ndamukiza 2020.

Kizigenza w’umugwi wa Musongati Fc Ndizeye Eric akaba yahagaritswe inkino zibiri hamwe n’ihadabu ry’amafaranga ibihumbi 50.000fb , mugihe umunyegori wa Vital’o Ndayishimiye Hussein we yahagaritswe urukino rumwe n’ihadabu ry’amafaranga ibihumbi 50.000fb .

Musongati rero ikaba yari yaronse amahirwe yo kurengana mu gice ca kabiri gishira icanyuma c’igikombe c’Umukuru w’igihugu mu gutsinda Vital’o Fc ama penalties4 kuri 2 ukaba uzohura na Inter Star udafise kizigenza wayo Ndizeye Eric.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 874