Basketballfeatured sporthomepageInkinokirundikirundi_SportsMathematique

Fabrice Rukundo ati : “Basketball ntakintu nipfuza itampaye”

 

Abanje gushimira abavyeyi bafadikanije n’Imana bakamushira kw’isi eka n’uwo wese yagize ico amufasha muri urwo rugendo rutari rworoshe, agira ati “Urukino rwa basketball rwanshikanye kuri vyinshi.”

Rukundo Fabrice yataye uruzogi mu ntara kama ya kirimiro, muri komine ya Gitega, ahitwa Rango hafi no ku mushasha.

Fabrice akaba ari imfura mu muryango w’abana 6, akaba yabonye izuba kw’igenekerezo rya 06 ukwezi kwa Mukakaro(07) mu mwaka w’1989.

Amashure y ‘intango akaba yayigiye muri SOS i Gitega, ayisumbuye ayabandaniriza mu ntara ya Rutana.

Mu ntara ya Rutana akaba yarabiciye biracika haba mu mahiganwa yahuza amashuri (interscholaires), amahiganwa yategurwa n’ishirahamwe rihingura isukari Sosumo mu bumanuko bw’igihugu, ndetse akaba yanakiniye n’umurwi waserukira iyo ntara akiri muto cane.

Amashure yisumbuye akaba yayarangirije hano mu gisagara ca Bujumbura kuri Itelitique 2011.

Mu mwaka wa 2008 niho amenyesha ko yatanguye kukunda neza vy’umwuga agapira agiye mu murwi “Urunani”, nawo utatevye ku muduza mu cicaro ca mbere.

Abakurikirana inkino za basket za hano iwacu nko mu mwaka wa 2009 bariboneye ivyo yakora na cane cane mu kwinjiza amanota atatu ndetse no mu kwikorera mu giseke asimvye abagabo barebare bo muri New Star.

Mu mwaka wa 2013 Fabrice yahavuye agurwa n’umurwi Khern nawo awukinira umwaka umwe gusa New Star iba iramugomwe.

Rukundo amashuri ya kaminuza akaba yahavuye ajabuka amazi aja kuyabandaniriza mu gihugu c’Urwanda nyuma y’aho ahava agurwa n’umurwi IPRC South i Butare awukinira imyaka itatu.

Arangije kaminuza yaciye yerekeza i Kigali aho yari yagomwe na Espoir BBC ari nawo murwi abarizwamwo muri kino gihe.

Rukundo akaba yaciriye inkoni ngufi abamwibarutse mu kubakurako umuzigo w’amafaranga narirya kwigisha umwana murico gihugu arukugurisha agatongo, kuriwe kudunda agapira vyari bihagije.

 

Umupira ntiwahereye mu kibuga gusa kuko aho urundi rwaruka ruzererana impapuro z’umutsindo ndetse n’indome nyinshi mu mutwe bashaka akazi kuri Rukundo we siko vyagenze, atavunitse yaciye aronka akazi mw’ibank y’agatangaza muri kano karere Equit bank, akaba anakinira umurwi uyegukira.

Indundi Sport ikaba imwipfurije kuroranirwa no kuguma atera imbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 859