cultureEntertainmenthomepagekirundi

Dj Jakson : Umuziki ujana n’ibihe 

Dj Jakson aramutswa inzu y’imiziki bukiv Lab arerekana ubudasa buri mu muziki ndundi afatiye ku bacuraranzi ba kera kumwe n’abubu.

Jackson aravye umuziki wo murunganwe rwa Canco Hamisi, ba Africa Nova, Nik Dav, Matata kumwe n’abandi, asigura ko batavuza umuziki w’akaranga ndundi ahubwo bavuza umuziki warugezweho ico gihe, akanawuha n’amazina yawo afatiye ku midiho bavuza, nka za Slow, blues, rythm, reggae, pop , funk, n’iyindi niyindi.

Akanamenyesha ko zari intwari zajana n’ibihe, kandi zikaguma ku masonga kubera ukwitanga, ishaka, n’ubushobozi berekana.

Jaksoni arerekana neza umuzo ukomeye w’umuziki w’akaranga ndundi, akagira ati: “Ntihenze umuziki w’akaranga ndundi wagiye gukomera bivuye ku mvyino zahinyanyuwe n’umuhinyanyuzi Yeremiya mu nzu Menya Media Studio”. Yeremiya akaba yakoze indirimbo z’imirwi yabaye rurangiranwa nka Higa, Club du lac aux oiseaux, Giramahoro n’izindi.

Bwaribwo bwambere imidiho kama yashirwa mu nzu y’ubuhinyanyuzi igakorwa ku buhinga bwa none.

Jackson aratanga umuco ku bibaza ko abaririmvyi ba kera mu runganwe rwa ba Canco baririmba indirimbo z’akaranga, atarivyo nagato kuko batacuraranga imvyino.

Ku kijanye n’ijambo “buja fleva ” avuga ko ico kinyamazuru gifise amamuko mu gihugu ca Tanzaniya aho bakoresha ijambo”Bongo fleva” muri rusangi bashatse kuvuga umuzika ndundi kuva kubavuza inanga, imiduri, gushika no kubakora za riddims.

Anamenyesha ko ukwiganza kw’umuziki w’urudandazwa (Music commerciale) gutuma haba imiziki na cane cane y’umwimerere ica ikundwa.

Isi ijana n’ibihe co kimwe n’inyungu z’abayituye ivyo bigasigura ko abantu bose bategerezwa kujana n’ibihe atawuvuyemwo kuko ibihe bidatinya gufata n’umuntu muto muto wo mu gihugu hagati atabizi yabishaka canke atabishaka.

Kubona MB data, Sat _B , Fizzo n’abandi bajana n’ibihe, suko banka akaranga kabo namba. Bahitanwo umudiho bashoboye banaravye n’isoko bafise.

Aratanga akarorero ko mu buzima busanzwe, umuntu ashaka kwubaka inzu nziza igezweho ashobora kurondera igicapo c ‘inzu yo muri America, nayo kubona umuntu atora beat yo muri Nigeriya nuko kw’isoko ihagaze neza kandi igezweho.

Mu kurangiza abamenyesha ko ivyacu ataho bija ari ukubiha agaciro gusa ariko tutibagiye gushaka ibigezweho nakare n’utururi ntitungana kandi twose ari duto.

Mwomenya ko DJ Jackson ari umwe mu barundi baba mu mahanga (Diaspora) bemeza ko umuziki ndundi uriko uratera imbere kandi ufise n’isoko ricagutse.

Dj Jackson ni kandi umwe mu bashize ikiganza gikomeye kuri SatB kugira agere ku ntambwe agezeko muri kino gihe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756