abakinyi bakina hanzeBasketballkirundi_Sports

#Indundi Sports| FEBABU yatunganije ivyirwa ku bahagarikizi ba Basketball ku rwego mpuzamakungu ( FIBA)

Ishirahamwe ry’umupira w’amaboko ( FEBABU) ku rwego rwo gufasha abahagarikizi b’abarundi.

Hari kuri uyu wa kane igenekerezo rya 15 Nyakanga 2022 , kw’ihoteli Tiger’s riri mu Kinanira Commune Muha, aho ishirahamwe ry’umupira w’amaboko (Basketball) ryari riramutse ritunganya ibikorwa nkarishabwenge ku bahagarikizi b’abarundi ku rwego mpuzamakungu ( FIBA), ibikorwa bizomara imisi 3 ni ukuvuga kuva kw’igenekerezo rya 15 gushika kurya 18 Nyakanga 2022.

Ivyo bikorwa vyari vyatewe iteka n’uwusanzwe arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaboko Basketball , Apôtre Jean Paul Manirakiza, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzankino ( CNO) Salvator Bigirimana, umunyamabanga mukuru wa FEBABU hamwe n’umuhinga yarungitswe n’ishirahamwe  mpuzamakungu ( FIBA) Mathurin Nguessan Kouadio.

Mw’ijambo ryashikirijwe n’uwusanzwe atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaboko ( FEBABU) Apôtre Jean Paul Manirakiza , yabanje gushimira Imana kubona ivyo bikorwa vyatunganijwe ubwa mbere mu Burundi, yongera arashimira ishirahamwe ry’umupira w’amaboko ku rwego mpuzamakungu ( FIBA) kubona umugambi wabo wa mbere wo guteza imbere inkino basa nk’abatanguriye mu Burundi kumvo z’uko babonye y’uko ishirahamwe ry’umupira w’amaboko ryo mu Burundi ryama ryitanga uko bukeye uko bwije , ninayo mpamvu bahisemwo gufasha kuvyerekeye ivyo bikorwa vyo kwigisha abasifuzi b’abarundi .

Abo bahagarikizi bariko bafata ivyirwa nkarishabwenge bakaba bashika kuri 20 ni ukuvuga abakobwa 5 hamwe n’abahungu canke abagabo 15.

Mwomenya ko abo bahagarikizi bama bakora umwuga wabo wo gusifura ata rupapuro na rumwe rwerekana y’uko baronkejwe ivyirwa nkarishabwenge vy’umwuga wabo.

Abagagarikizi b’abarundi ba Basketball bari kumwe n’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaboko, Umunyamabanga mukuru wa FEBABU , Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzankino ( CNO)  hamwe n’umuhinga avuye mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaboko mpuzamakungu ( FIBA)

What's your reaction?

Related Posts

1 of 301