footballhomepagekirundikirundi_Sportsprimus ligue

FFB : Ingingo twafashe iracari irya nyene

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 29 Rusama 2020, niho twabona ikete rya bamwe mu barongoye imigwi yakirira inkino ku kibuga c’intwari bari bagiye hamwe bandikira uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB , bamusaba y’uko yohindura ingingo y’uko inkino zose za Primus league zisigaye zizokinwa ata barorerezi binjira mu kibuga c’intwari .

Honorable Révérien Ndikuriyo akaba yaciye abishura ubwo nyene ababwira y’uko ata nakimwe yohindura kuko iyo ngingo ari ntabanduka.

Eka muri iryo kete twasomye ryanditswe na Féderation baragabisha imigwi yose ikinira ku bibuga vya kijambere (bita Synthétiques) ko igihe cose abakunzi b’imigwi bazoja mu kibuga FFB izobafatira ingingo zibereye, akaba yavuze nk’ibubuga vya Ingoma ( Gitega) , Urumuri ( Ruyigi) , Umuco ( Muyinga) , Urunani ( Cibitoke) , Urukundo ,( Ngozi) hamwe na Peace Park Complex Stadium ( Makamba).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891