homepageInkinokirundikirundi_Sports

FFB yahagaritse umukinyi wa Police Fc yo mu Rwanda

Ku musi wa kabiri igenekerezo rya 04 Ruhuhuma 2020 niho ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB mu gisata co gutunganya inkino zitandukanye cafashe ingingo yo guhanisha impaga (forfait) umugwi Telaviv Academy mu rukino rw’igikombe citiriwe Umukuru w’igihugu c’Uburundi aho Telaviv batsinze umugwi wa Holy Center ku ma penalties 4 kuri 2 inyuma yo kurangiza urukino iyo migwi yose inganije ibitsindo 2 kuri 2 .

Mw’ikete twasomye n’uko umukinyi w’umusatirizi Ndikumana Magloire adafise uruhusha na rumwe rwo gukina mu mahiganwa ayariyo yose azwi na FFB bivanye n’uko atararonka ibibapuro bimuha uburenganzira bwo gukina mu Burundi ( Transfert).

Mukamenya y’uko Magloire yahora akinira umugwi wa Police Fc munyuma agira ikibazo co kwakwa indangamuntu yo mu gihugu c’Urwanda bivanye n’uko yayikoresha atayifitiye uruhusha.

Ku makuru twaronse mu gihugu c’Urwanda n’uko bagize amatahoza bagasanga ukoresha indangamuntu yo mu Rwanda utayifitiye uruhusha uca wakwa uburenganzira bwo gukinira muri ico gihugu ukatagwa no mu gasho.

Akaba akiri umukinyi wa Police Fc bivanye n’uko yari yamaze gushira umukuno ku masezerano yo kubakinira mu kiringo c’imyaka 2 , umugwi wose uzomwipfuza uzobanza kuvugana na Police Fc.

Ndikumana Magloire yari asanzwe akorera imyimenyerezo mu mugwi wa Vital’o Fc aho vyavuzwe y’uko ashobora gukina muri uyo mugwi ariko mu nyuma vyahavuye vyanka y’uko iyo migwi yompi yumvikana kubijanye n’igurwa ry’uyo mukinyi.

Magloire akaba yarakiniye umugwi wa JCA hamwe na Olympic Star y’i Muyinga, yanakiniye n’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 23.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871