abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sports

#Indundi Sports| FIFA yakuyeho ibihano yari yafatiye igihugu ca Kenya

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA ryakuyeho ibihano ryari ryafatiye igihugu ca Kenya vyo kutitabira inkino mpuzamakungu bivanye n’uko Reta yabo yari yivanze mu bijanye n’umupira w’amaguru.

Ico gihugu ca Kenya cari gisangiye itsinda n’umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba , Cameroun hamwe na Namibie , muri za nkino zo kurondera itike ya CAN 2024, ariko nta rukino na rumwe yigeze ikina muri iryo tsinda .

Gushika ubu ntawuramenya y’uko FIFA izogarukana Kenya mw’itsinda ririmwo Uburundi , Cameroun hamwe na Namibie.

Mwomenyako Uburundi bwari busigaje inkino zibiri zizoyihuza na Cameroun hamwe na Namibie ukwezi kwa Ruheshi 2023.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 320