footballIKIRUNDI_newskirundi_Sportsprimus ligue

Finale Coupe du Président: Imigwi ya Flambeau Du Centre ya Bumamuru Fc igiye gutana mu mitwe

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 05 Ruheshi 2021 , isaha umunani 14h00 ku kibuga Gatwaro mu Kayanza niho imigwi ya Flambeau du Centre na Bumamuru izotana mu mitwe mu rukino rwa nyuma rw’igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu c’Uburundi.

Muri kahise ka hafi Indundi Sports yaravye ni uko iyo migwi imaze guhura inkino 5 muri izo nkino umugwi Bumamuru umaze gutsinda inkino 3 mugihe Flambeau du Centre imaze gutsinda incuro 2.

Mwomenya y’uko ari ubwa mbere iyo migwi yose ishitse mu rukino rwa nyuma rw’ico gikombe c’Umukuru w’Igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 315