Burundihomepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Fiston Abdoulrazzaq ati : “Gabon ntabwoba idutera tuzokina”

Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Fiston Abdoulrazzaq yavuze y’uko urukino ruzobahuza na Gabon kuwa 23 Ntwarante ari urukino rusanzwe nk’izindi nkino .

Mu gihe harindiranywe igishika urukino rw’intamba mu rugamba hamwe na Gabon rwo kurondera itike yo kwitabira inkino za Afcon 2019 zizobera mu Misiri , Fiston Abdoulrazzq yijeje intsinzi ku bakunzi b’intamba mu rugamba bose.

Mu kiganiro Fiston Abdoulrazzaq yakoranye na Indundi Sports yasavye abarundi bose ko boreka gufata y’uko umugwi wa Gabon ari umugwi uteye ubwoba wotuma abamenyeshamakuru bata ubwenge canke abarorerezi ngo bagire ubwoba ahubwo icokorwa n’uko bogwiza amasengesho kuko nabo bakeneye kwandikisha amateka mbere baramutse batsinze urwo rukino canke bakanganya bizotuma baronka imigwi ikomakomeye gusumba iyo basanzwe barimwo muri kino gihe.

“Ndasavye abamenyeshamakuru hamwe n’abarorerezi bose b’intamba mu rugamba bareke gufata umugwi wa Gabon y’uko ari umugwi uteye ubwoba, twese dufise amaguru abiri tuzokina gusa ico nosaba abarundi n’uko bogwiza amasengesho natwe tuzokora uko dushoboye kwose kugira tunganye canke dutsinde bizoca bituma turonka iyindi migwi ikomakomeye isumba iyo turimwo muri kino gihe.”

Fiston Abdoulrazzaq akaba ariwe musatirizi wa mbere w’umurundi amaze gutsindira Intamba mu rugamba ibitsindo vyinshi mu mahiganwa atandukanye .

Mu nkino 17 amaze gukinira umugwi Js Kabylie wo mu gihugu ca Algerie asanzwe akinamwo amaze kubatsindira ibitsindo 10, mu gihe mu nkino zitanu zo kurondera itike yo gukina Afcon 2019 izoba muri Misiri akaba kandi ariwe wa mbere amaze gutsinda ibitsindo 6 muri izo nkino co kimwe na Ighalo wo muri Nigeria.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 878