homepageArsenalInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Fiston Abdoulrazzaq ngo ntiyemera y’uko Papy Faty yitavye Imana

Gushika n’ubu Fiston Abdoulrazzaq ngo ntiyemera y’uko Papy Faty batakiri kumwe kuri ino si.

Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Fiston Abdoulrazzaq ngo akicumva amakuru y’urupfu rwa mugenzi wiwe Papy Faty yaciye acika inguvu mu mubiri wiwe wose kuko yabibonye nk’indoto . agasubira akavuga y’uko imbere y’uko yitaba imana bari baraye baganiriye kuri whtspp Call gushika n’ubu ntaremera y’uko Papy batakiri kumwe kuri ino si.

Akaba yagize ati” kuri Jew nka Fiston Abdoulrazzaq nkicumva iyo nkuru umubiri wanje wose waciye winjirirwa n’imbeho ndacika n’inguvu , kuko nabivyumva nk’ indoto naryamye mvyuka nsanga muma group ya Whtspp harimwo ubutumwa buvuga y’uko Papy yitavye imana vyarantangaje cane kuko imbere y’uko yitaba Imana twariko twaraganiriye kuri Whtspp Call gushika n’ubu turiko tuvugana na wew mumenyeshamakuru sindavyemera y’uko Papy Faty yapfuye birababaje cane”

” Papy Faty ntazofa amvuye mu mutima kuko yari umugenzi wanje cane ndetse n’umuhanuzi wanje, ndibuka igihe naronka ikibazo naramubwiye ampe impanuro ivuye kuri we nawe arambwira y’uko norindira ashike muhira duce tuyaga , mbuze we naca Mpanuza Ndikumana Suleiman , ariko Papy Faty niwe yari umuntu wambere nahanuza , kandi ntiyampa imanuro jenyene yaziha na bandi”

” Murazi ingene isi yahindutse abantu babonye uronse ubuzima baca bakugirira inzigo n’ishari ariko kuri Papy wewe naho woba warateye imbere gute yarakwereka ingene ushobora gukora ibintu vyiwawe kugira utere imbere gusumba , ivyo vyokora bake kuri ino si ?, Umutima mwiza wa Papy Faty narawubonye mu rukino rwa duhuje na Seychelles aho natsinze ibitsindo 3 mu nkino zibiri zaduhuje , mpejeje gutsinda igitsindo cambere yararonse uburyo bwo gutsinda igitsindo ariko yarampaye umupira ndinjiza igitsindo a iyaba yari afise umutima wo kwikunda ntiyari kumpa uyo mupira”

“Inyuma y’urukino naramwegereye ndamubwira ati” narinzi y’uko urya mupira ari wew uza kuwutsinda yanyishuye y’uko wew Atari yipanze neza kugira awutsinde niyo mpamvu yawumpaye naciye ndamushimira cane ndamubwira y’uko si umuntu wese ashobora gukora nkivyo yakoze akaba yasubiye aranyishura y’uko Imana imaze kuvuga y’uko ari igihe cawe kiba ari igihe cawe nyene ntawozibira akaba yarambwiye y’uko yashobora gutera ishuti umunyegori nawe akawusama nabi ugaca ugaruka kuri jewe ngaca ndawutsinda rero umuntu ntashobora guhindura ico Imana yateguriye Umuntu nanje “

” ivyo ntiyabikoreye Jewe gusa kuko naragerageje no kubaza abandi bagenzi biwe tuzinana bakinana muri Africa y’epfo barambwiye y’uko ari umuntu mwiza cane , simvuze aya majambo kubera amaze kwitaba Imana aho bamuhayagiza kubera amaze gupfa apana jewe mvugushije ukuri igihe nigeze gutanga ikiganiro kuri Indundi Sports papy akiri muzima nari nkikina muri Africa y’epfo barambajije umukinyi nkunda mu Ntamba mu rugamba natoye Papy Faty kandi gutora we sinaravye ingene akina apana naravye ingeso ziwe n’uwo jewe nemera gusumba abandi ntibisigura y’uko hari abafise ingesombi apana mu buza haba uwambere n’uwakabiri ndetse n’uwagatatu , ntibishoboka y’uko abantu Bose baba abambere uwo naganiriye y’uko ari uwambere ico gihe yari Papy Faty sinibaza y’uko hari umukinyi yoza akavuga y’uko yigeze kugiranira ikibazo na Papy Faty , ico novuga kuri Papy mwene wacu twaragukunze ariko Imana yagukunze birenze udusize mu mubabaro munini cane igisigaye n’ukugusabira Ku mana izokubabarire ivyaha vyawe vyose wakoze “.

” impamvu mbabaye cane n’uko nahawe ayo makuru y’urupfu rwiwe kuri uno musi mugihe ejo twariko turayaga tuvugana kuvyerekeye intamba mu rugamba ambwira ingene anezerewe kubona twashikanye umugwi muri CAN 2019 aca ambwira y’uko naho yopfa uno musi canke ngo ahebe ivyo gukina azoba amaze kwandika amateka mu gihugu ciwe c’amavukiro nanje nkab naciye ndamwishura amajambo yavuze ariyo ndamubwira ati” ikintu twakoze n ‘iciteka naho abandi bari inyuma yacu boza bagakora ivyo twakoze ariko ni twebwe twabuguruye inzira ndasubira ndamubwira y’uko hari ibirato vy’ugukinira umupira biri mu gihugu c’africa y’epfo ndamusaba y’uko yokwigora akabimbariza y’uko bigihari akabingurira hama ntitwagenda muri CAN nzomusubiza amahera nawe aca ambwira y’uko atakibazo ntimba bigihari azomubwira ance abingurira rero raba mugenzi wanje aragiye n’ibirato ntavyo naronse n’ubu sindavyumva nguma ndaba ama message twandikiranira nkaca ndibuka vyinshi ibintu vyiza ntibiramba twari tukimukeneye mu kibuga no hanze sinzi ico novuga ”

Papy Faty akaba yarapfuye ku musi wa Kane igenekerezo 25 Ndamukiza umwaka wa 2019 aguye mu kibuga igihe Umugwi wiwe Malanti Chiefs wariko uratana mumutwe na Green Mamba mu rukino rw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Swaziland .

Gushika n’ubu ntarashingurwa bikavugwa y’uko ikiziga ciwe gishobora kuzanwa mu Burundi kugira ashinguranywe iteka nka band I bakoreye igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871