homepageArsenalInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Fiston Abdoulrazzaq yatumiwe mu kiganiro gikomeye mu Bufaransa

Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Fiston Abdoulrazzaq yatumiwe mu kiganiro gikomeye mu gihugu c’ubufaransa .

Mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 05 Ndamukiza , kurubuga ngurukanabumenyi Facebook ya Talents d’Afrique niho haboneka inyandiko ivuga y’uko umusatirizi akomeye w’Umurundi Fiston Abdoulrazzaq azoba umutumire mu kiganiro cabo citwa Talents d’Afrique kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 08 Ndamukiza baca bandika y’uko ari ubwa mbere Uburundi bwitabira inkino za CAN.

Ku makuru twaronse n’uko ico kiganiro kizoca kumboneshakure CANAL+Sports Afrique naho batigeze bavuga amasaha kiza kuberako .

Fiston Abdoulrazzaq akaba asanzwe akina mu gihugu ca Algeria mu mugwi Js Kabylie, n’umwe mu bagabo bagize uruhara runini kugira intamba mu rugamba zitabire inkino za CAN 2019.

Akaba yararangije inkino zo kurondera itike yo gukina igikombe ca CAN 2019 afise ibitsindo 6 inyuma y’umunya Nigeria Ogalu yarangije izo nkino afise ibitsindo 7.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871