homepageArsenalInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Fiston Abdourazzak yafashije Js Kabylie kunyagira MC Oran

Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Fiston Abdoulrazzak ivyo akorera mu ntamba mu rugamba ninavyo akora muri Algeria mu mugwi Js Kabylie .

Ku musi w’imana igenekerezo rya 21 Ndamukiza umwaka wa 2019, Umugwi Js kabylie ukinamwo Fiston Abdoulrazzak wari wakiriye umugwi Oran mu rukino rw’indwi ya 26 yaryo , urwo rukino rukaba rwarangiye Js Kabylie inyagiye Mc Oran ibitsindo 4 kuri 2.

Fiston Abdoulrazzak akaba ari mu bafashije kunyagira uyo mugwi wa Mc Oran kuko yatsinze ibitsinze bibiri wenyene aho icambere yacinjije Ku munota wa 3 icakabiri acinjiza Ku munota wa 58 w’urukino .

Umugwi Js Kabylie ukaba uri mu kibanza ca kabiri inyuma ya USM Alger uri mu kibanza cambere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871