Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Fiston Abdoulrazzak ivyo akorera mu ntamba mu rugamba ninavyo akora muri Algeria mu mugwi Js Kabylie .
Ku musi w’imana igenekerezo rya 21 Ndamukiza umwaka wa 2019, Umugwi Js kabylie ukinamwo Fiston Abdoulrazzak wari wakiriye umugwi Oran mu rukino rw’indwi ya 26 yaryo , urwo rukino rukaba rwarangiye Js Kabylie inyagiye Mc Oran ibitsindo 4 kuri 2.
Fiston Abdoulrazzak akaba ari mu bafashije kunyagira uyo mugwi wa Mc Oran kuko yatsinze ibitsinze bibiri wenyene aho icambere yacinjije Ku munota wa 3 icakabiri acinjiza Ku munota wa 58 w’urukino .
Umugwi Js Kabylie ukaba uri mu kibanza ca kabiri inyuma ya USM Alger uri mu kibanza cambere.