footballhomepagekirundikirundi_Sports

Football Féminin: Fofila Pf waraye utahukanye igikombe c’abigeme

Kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 15 Ntwarante 2020, isaha zine zo mu gatondo 10h00 ku kibuga c’intwari niho umugwi wa PVP Buyenzi wahura n’Umugwi wa Fofila PF mu rukino rwa kivandimwe rwo gusozera ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere ry’umwaka wa 2019 ku ruhande rw’abigeme, urwo rukino rukaba rwarangiye umugwi wa PVP Buyenzi unyagiwe na Fofila PF Ibitsindo 6 -3 .

Inyuma y’urwo rukino haratanzwe udushimwe dutandukanye ku migwi yatahukanye ibikombe ndetse n’abakinyi bavyifashemwo neza muri iryo ihiganwa .

Uko nilo udushimwe twagiye turatangwa:

– Umugwi watahukanye igikombe c’umwaka wa 2019: Fofila PF ukaba wahawe igikombe c’agaciro kangana n’ibihumbi amajana abiri 200.000fb hamwe n’ibahasha ry’imiriyoni 2 z’amarundi

– Umugwi wa kabiri ni PVP Buyenzi waronse ibahasha ry’umuriyoni n’igice c’amafaranga y’amarundi 1.5000.000fb

– Umugwi wa gatatu ni la Colombe wahawe umuriyoni w’amarundi 1.000.000fb

– Umukinyi mwiza yaranze ihiganwa akaba ari Asha Jaffar akinira PVP Buyenzi yahawe ibihumbi ijana 100.000fb

– Uwinjije ibitsindo vyinshi akaba ari uwitwa Sakina Saidi akinira Fofila PF yahawe nawe nyene ibihumbi ijana 100.000fb

– Umunyegori mw’ihiganwa akaba ari uwitwa Irakoze Jeanine wa Fofila PF yahawe nawe ibihumbi ijana 100.000fb

– Umukinyi mw’iza akiri muto kuruta abandi ni uwitwa Niyomwungere Olga wa La Colombe yahawe ibahasha ry’ibihumbi mirongo itanu 50.000fb .

Mukameya y’uko ivyo birori vyari vyitabiriwe na nyakwubahwa Reveriyano Ndikuriyo asanzwe atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB , Umunyamabanga mukuru wiwe Manirakize Jeremy, Uwurongoye igisata c’umupira w’amaguru ku ruhande rw’abigeme OPC1 Kabura Eugenie n’abandi batandukanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891