homepageInkinokirundikirundi_Sports

Francine Niyonsaba ababazwa no kubona abanonotsi badashigikirwa

Mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 07 Ruhuhuma 2020, niho umunonotsi mpuzamakungu w’umurundikazi Francine Niyonsaba yandika ku rubuga ngurukana Facebook y’uko mu gihe hatobaho ukwitanga mu gutegura abanonotsi igihugu c’Uburundi ntigishobora kuronka abanonotsi beza bazogiserukira muri Jeux Olympic Tokyo zizoba mu kwezi ku 8 uyu mwaka wa 2020.

Francine akaba yanditse ati” Mugihe hatobaho ukwitanga mugutegura abanonotsi, Igihugu cu BDI ntigishobora kuronka abanonotsi beza bazogiserukira muri JO de Tokyo 2020 muri Aôut.Kuronsa uburyo bwokwitegura neza nico conyene gishikana umunonotsi kuntsinzi hanyuma bigatera iteka Igihugu cose.

Gushika ubu muri CNO (Commité National Olympique du Burundi) ntaco bibabwiye babivugira mu ntama tama gusa ( kubera habuzeyo ico nokwita Transparence et Bonne gouvernance) kandi arico gisanzwe kigize inkino muri rusangi.

Mu Bushikiranganji bw’inkino hoho ntanuwukibivuga.

Abanonotsi kubwugukunda igihugu baracigura bakitanga uko bashoboye mugabo bakabura uwubafata mu mugongo.

Ubwo : ” 2020 les Officiels du CNO ntibazongera kubona les Athlètes muri Village bakamaramara bakabahunga?”#Gakemeantoine
#Elsieuwamahoro #Dianenukuri
#Thierryndikumwenayo

Ayo akaba ari amajambo Francine Niyonsaba yashoboye kwandika. Mukamenya y’uko uyo mwigeme amaze gutahukana ubushimwe butandukanye mu bijanye n’amahiganwa yo kwinonora imitsi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871