Inyuma yo kwifatira ikibanza ca mbere mw’ihiganwa rya Prefontaine mu misi iheze ryariko ribera muri America , umunonotsikazi w’umurundi Francine Niyonsaba yasubiye kandi gufata ikibanza ca mbere mu mahiganwa ya Diamond League yariko abera i Paris mu Bufaransa.
Niyosaba akaba yari yirutse imetero ibihumbi 3000 yirutse umwanya ungana n’iminota 8:19:08, irya imbere Francine yifatira ibibanza vya mbere naho ihiganwa rya Olympic Tokyo 2020 ryasa n’iryamunaniye aho benshi bavugwa y’uko yari yarenganijwe.
Indundi Sporta yipfuriza Francine Niyonsaba kubandanya akora amateka adasanzwe.