abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sports

# Indundi Sports| Ihiganwa ryitiriwe Zoe ry’abana batarenza imyaka 15 rigiye gutangura

Umwana yakuriye mu muryango w’Umuhisi Prezida Nkurunziza ariwe Eloge Nihorimbere agiye gutunganya ihiganwa yitiriye izina rya Zoe.

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 12 Mukakaro 2023 , kuri Centre Technique niho abasanzwe batunganya ihiganwa ry’abana bakiri bato bitiriye izina rya Zoe bari baramutse batunganya ikiganiro ku banditsi hamwe n’abamenyeshamakuru.

Intumbero nyamukuru yari yo kubamenyesha y’uko bagiye gusubira gutunganya ihiganwa ry’umupira w’amaguru ry’abana batarenza imyaka 15 bitiriye izina rya Zoe ku ncuro igira kabiri, no gusubira kandi kubamenyesha y’uko iryo higanwa rizotangura igenekerezo rya 15 Mukakaro 2023 ku kibuga ca CTN mu Ngagara , hama rirangire igenekerezo rya 29 uku kwezi nyene .

iryo higanwa muri uno mwaka rizokwitabirwa n’imigwi 8 , mugihe mu mwaka uheze ryari ryitabiriwe n’imigwi 4 gusa. Ni ukuvuga imigwi yo mu gisagara ca Bujumbura izoba ari 6 , umugwi 1 wo mu Cibitoke hamwe 1 wo mu Rumonge.

Uko imigwi ipanze mu matsinda:

⚽️ Groupe A.

– Zoe Academy
– Academy Wembo
– Academy Nderagakura
– Academy Don Divin

⚽️Groupe B.

– Academy Jade
– Academy Rukinzo
– Academy Golden Boys
– E.F . Didier Drogba

What's your reaction?

Related Posts

1 of 318