homepagekirundikirundi_Sports

Franck Lampard agiye kumenyereza umugwi wa Chelsea

Ntibikiri ibanga uwahoze ari umukinyi wa Chelsea mu myaka iheze yamaze guhabwa amasezerano mashasha yo kumenyereza uwo mugwi.

Kuri uyu wa kane waraye uheze, igenekerezo rya 4 Mukakaro umwaka wa 2019, niho uwahoze ari umukinyi wa kera wa Chelsea ariwe Franck Lampard yahabwa amasezero yo kumenyereza uwo mugwi, akaba yashize umukono ku masezerano yo kuwumenyereza mu kiringo c’imyaka itatu.

Akaba asubiriye Maurizio Sarri yamaze kuva muri uyo mugwi kuva mu kwezi kwa Ruheshi yerekeza mu mugwi wa Juventus.

Franck Lampard w’imyaka 41 y’amavuko agiye kumenyereza umugwi wa Chelsea ukina mu cicaro cambere mu gihugu c’ubwongereza avuye mu mugwi wo mucicaro gito witwa Derby Country.

Mu kiganiro yagiraniye n’abamenyeshamakuru bo mu Bwongereza Franck Lampard yanezerewe cane kubona agarutse mu mugwi Chelsea cane cane nk’umenyereza mukuru.

Akaba yagize ati : “Ni umunezero udasanzwe kuri jewe kubona ngarutse mu mugwi wa Chelsea cane cane nk’umenyereza mukuru umwe wese arazi urukundo nkunda uyu mugwi ndetse ni bihe vyiza nagize”.

Arongera aravuga ati : “ndi ngaha kugira nkore kandi mfashe umugwi kubandanya utsinda ahubwo sijewe nzobona ndataguye akazi”.

Uwusanzwe arongoye umugwi Chelsea ariwe Marina Granovskaia yavuze y’uko kuva amenyereza urukino rwa nyuma muri Derby Country yahoramwo uyo mumenyereza yerekanye y’uko ari mu bamenyereza bakiri bato bafise ingabirano idasanzwe avuga y’uko ni umunezero udasanzwe kumuha ikaze muri Chelsea nk’umumenyereza mukuru.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871