homepageInkinokirundikirundi_Sports

Fréderic Nsabiyumva aripfuzwa na Orlando Pirates

Umugwi wa Orlando Pirates ukina mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Africa y’epfo watangaje y’uko umaze gutangura ibiganiro k’umukinyi w’inyuma w’intamba mu rugamba ari nawe kizigenza w’umugwi wa Chippa United Frederick Nsabiyumva.

Uyo mugwi ukavuga ko uriko urondera uyo mukinyi kumvo zo gukomeza umugwi wabo umenyerezwa na Josef Zinbbauer.

Nsabiyumva Frédeic abajijwe na kimwe mu binyamakuru vyo mu gihugu ca Africa y’epfo nawe yahavuye yemeza y’uko bigeze kuvugana nawe.

Akaba yagize ati : “Ego harabaye ibiganiro kubijanye no kuja mu mugwi Orlando Pirates ariko ntibirakunda ndacari umukinyi wa Chippa United n’ibiganiro vyabaye hagati y’abarongozi b’imigwi ibiri ico nzi jewe n’uko nkiri umukinyi wa Chippa United kandi n’ivyiyumviro vyanje vyose muri kino gihe biri mu mugwi wa Chippa United.

Mukamenya y’uko kuva aho Fréderick Nsabiyumva akomeretse mu kwezi kwa 10 ntarasubira kuronka ikibanza co gukina mu kibuga muri uyo mugwi wa Chippa United.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871