homepagekirundikirundi_Sports

Fréderic Nsabiyumva ashobora gusezerera Chipa United

Umukinyi w’inyuma w’umugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba Frédetic Nsabiyumva aripfuzwa cane n’imigwi  yo muri Africa y’epfo no mu bindi bihugu.

Mu kiyago gito uwusanzwe arongoye umugwi Chipa United Siviwe Mpengesi yagiranye n’ikinyamakuru Goal.com bamubajije kubijanye n’umwe mu bakinyi b’inyuma yahoze akinira Kaizer Chief yariko akora igeragezwa muri uyo mugwi wa Chipa United aho bavuga y’uko ariwe ashobora gusubirira umukinyi w’inyuma w’intamba mu rugamba ariwe Fréderic Nsabiyumva aho vyavugwa y’uko umwanya n’umwanya ashobora kugenda mu yindi migwi imwipfuza.

Uyo mugabo atwara umugwi waba Chili -boys ntiyasivye kwemera y’uko hari imigwi itandukanye yo muri Africa y’epfo ndetse no mu bindi bihugu umaze kubaganiriza kuvyerekeye umukinyi w’inyuma w’intamba mu rugamba ariwe Nsabiyumva Fréderic ariko gushika muri kano kanya nta giciro gikwiye baramutangako.

Siviwe Mpengesi akaba yagize ati : “Ego hari imigwi myinshi imaze kumwipfuza harimwo iyo ngaha muri Africa y’epfo ndetse niyo mu bindi bihugu bitandukanye imaze kutuganiriza kuvyerekeye uyo mukinyi w’umurundi ariko gushika muri kano kanya nta giciro gikwiye baratanga kuri uyo mukinyi rero Fréderic Nsabiyumva aracari mu mugwi wa Chipa United”.

Inyuma yayo makuru ariko aravugwa kuri Nsabiyumva Fréderic Indundi Sports yahavuye yegera uyo mukinyi kugira atange umuco aho yavuze y’uko ivyo uwutwara umugwi wa Chipa United ariwe Siviwe Mpengesi yavuze arivyo, akaba yagize ati : “ego ayo makuru niyo ivyo uwurongoye Chipa United yavuze nivyo”. Nayo abajijwe imigwi yoba imurondera Fréderic Nsabiyumva yavuze y’uko bigoye kuyishira ahabona .

Uyo mukinyi akaba afise amahirwe menshi yo kuva muri uyo mugwi bivanye n’uko asigaje umwaka umwe gusa muri uyo mugwi w’aba Chili – boys ukina muri Africa y’epfo, uyo mugwi ushobora kumutanga kugira nawo nyene ushobore kumwungukirako.

Nsabiyumva Fréderic akaba ari umwe mu bakinyi b’intamba mu rugamba bitwaye neza mu mahiganwa ya CAN 2019 agiye kurangira kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 19 Mukakaro umwaka wa 2019, akaba ari n’umukinyi umwe rudende w’umurundi yatowe kuja ku rutonde rw’abakinyi 11 ba CAN ( Equips Type 1ère Journée) bitwaye neza mu nkino za mbere ziryo higanwa .

Nsabiyumva Fréderic akaba yakiniye imigwi ya hano iwacu nka Athletico Olympic , Vital’o Fc , Jomos Cosmos muri kino gihe akaba akina muri Chipa United.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871