homepagekirundikirundi_Sports

Gael Bigirimana agiye gukina umugwi uri mu cicaro ca gatanu

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 29 Gitugutu umwaka wa 2019 mu bwongereza niho icegera ca kizigenza w’intamba mu rugamba Gael Bigirimana yashira umukono ku masezerano yo gukinira umugwi wo mu cicaro ca gatanu mu bwongereza witwa Solihull Moors inyuma yo kumara igihe kitari gito adafise umugwi akinira.

Uyo mukinyi bikaboneka y’uko yoba afise umugambi wo kuwuvamwo mu mpera z’umwaka kuko agiye kuwukinira ikiringo c’amezi atarenga abiri gusa kw’igenekerezo rya 28 Kigarama 2019 niho amasezerano ari hagati ya Gael Bigirimana n’uyo mugwi azoba arangiye.

Uyo mugwi ukaba usanzwe umenyerezwa na Tim – Flowers yigeze gusamira umugwi nserukira gihugu w’ubwongereza.

Tukabamenyesha y’uko umugwi Solihull uri mu kibanza c’9 n’amanota 27 mu nkino 18 umaze gukina.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871