abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sports

#Indundi Sports| Garage Express igiye kwambikwa na Fitness For Life ya Warren Chebby

Umugwi Garage Express wo mu cicaro ca kabiri mu ntara ya Gitega ugiye kuzoza urambikwa n’ishirahamwe rikora ivyo kwambika imigwi Fitness For Life LTD rirongowe n’umurundi aba mu Bwongereza Ndayishimiye Warren Chebby.

Hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 21 Nyakanga 2022 ku kibuga Ingoma mu ntara ya Gitega, aho umugwi Garage Express w’i Gitega washira umukono ku masezerano yo gukorana n’ishirahamwe rikora ivyo kwambika imigwi Fitness For Life LTD mu kiringo c’imyaka 5.

Coyitoreye Dieudonnée arongoye Garage Express arashima cane kubona agiye gukorana n’iryo shirahamwe ryo mu Bwongereza rikomeye ryambika imigwi kuko rizotuma umugwi wabo umenyekana mu mahanga.

Warreh Chebby nawe arongoye iryo shirahamwe Fitness For Life LTD, yaboneyehe akaryo ko gushimira cane uwurongoye umugwi Garage Express kubona yashoboye kwizera ishirahamwe ryiwe kugire rize rirambika uwo mugwi.

Iryo shirahamwe Fitness For life hampande ya Garage Express rimaze kwambika imigwi ya hano iwacu nka Bumamuru Fc hamwe na Top Junior.

Mwomenya ko imbere y’ayo masezerano hatanguye kuba urukino rwa kivandimwe rwahuje imigwi ibiri ya Garage Express Academy.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 320