abakinyi bakina hanzefootballIKIRUNDI_newsInkinokirundi_Sportsprimus ligue

Indundi Sports | Godefroid Okoko niwe agiye kuba amenyereza Aigle Noir Cs

 

 

Umukinyi wa kera wa Vital’o Fc Godefroid Okoko niwe agiye kuza arafasha kumenyereza Umugwi Aigle Noir CS , Umugwi yigeze kumenyereza kera .

Godfoird Okoko akaba yahora amenyereza umugwi Namungo Fc wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania .

Akaba Amaze kumenyereza imigwi ya hano iwacu nka Athletico Olympic, Vital’o Fc , mu Rwanda yamenyereje imigwi ya Mukura Vs , Gicumbi Fc , Espoir Fc hamwe na Musanze migihe Tanzania yamenyereje Namungo Fc .

Gushika ubu ntawuramenya y’uko Okoko azobandanya amenyereza uwo mugwi canke ari kuwufasha mu nkino zibiri zisigaye za Primus league n’izigikombe c’Umukuru w’igihugu.

 

Godefroid Okoko akaba asanzwe afise Licence A ya CAF , ni umwe mu bamenyereza b’abarundi basanzwe bafise uburambe mu kazi k’umumenyereza bivanye n’imigwi amaze gucamwo.

Mukibuka ko uwutwara Umugwi Aigle Noir Cs , Honorable Rèverien Ndikuriyo , yigeze kuvuga ko kera yakunda cane Okoko Godefroif bivanye n’ibitsindo yinjiza , ivyatumye nawe nyene yitirira izina rya Okoko.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321