homepagekirundikirundi_Sports

Gukora amateka muri Vital’o FC biri mu vyatumye Etienne Ndayiragije yipfuzwa na Azam Fc

Umumenyereza w’umurundi Ndayiragije Etienne yahawe amasezerano yo kumenyereza umugwi wo mu gihugu ca Tanzania.

Ku musi wa gatatu igenekerezo rya 12 Ruheshi umwaka wa 2019 niho uburongozi bw’umugwi Azam Fc bwerekana icese umumenyereza wabo mushasha agiye kumenyereza uyo mugwi uyo nawe akaba ari umurudi Etienne Ndayiragije yahora amenyereza umugwi KMC ukina mu cicaro ca mbere muri Tanzania.

Ku makuru twakuye mu kinyamakuru ca Azam FC aravuga y’uko amateka uyo mugabo yakoze mu gushikana Vital’o Fc mu matsinda mu mahiganwa ya CAF Champions League mu mwaka wa 2016 igihe yamenyereza Vital ‘o FC biri muvyatumye umugwi Azam Fc wipfuza uyo murundi. eka sico conyene coba catumye yipfuzwa n’uyo Mugwi Azam fC n’uko amaze Kuroswa ubushimwe butandukanye bw’umumenyereza mwiza w’ukwezi mw’ihiganwa ryo muri Tanzania akaba ari n’umumenyereza akina umupira usukuye kandi unyaruka.

Etienne Ndayiragije akaba yaraye ahawe amesezerano y’imyaka 2 yo kumenyereza Umugwi Azam FC uzoserukira Igihugu ca Tanzania mu mahiganwa ya CAF Confederation Cup.

Niwo mugwi wonyene watwaye ibikombe bitatu vyo mu gihugu ca Tanzania ukaba waratahukanye igikombe ca CECAFA Kagame Cup utwara n’igikombe ca Mapinduzi Cup hamwe n’igikombe ca Azam Sports cabahaye uburenganzira bwo gukina inkino za CAF Confederation Cup

Bikaba bitegakanije y’uko Igenekerezo y’uko uyo mumenyereza azotangura kumenyereza uyo Mugwi Azam Fc kw’igenekerezo rya 20 Ruheshi umwaka wa 2019.

Etienne Ndayiragije hampande yo kuba umenyereza yarigeze no kuba umukinyi w’inyuma wa Inter Star . Hano iwacu akaba yaramenyereje imigwi ya Les Guépier du Lac, LLBS4A hamwe na Vital’O FC muri Tanzania akaba yaramenyereje umugwi Mbao Fc hamwe na KMC FC.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871