homepagekirundikirundi_Sports

Gusezererwa kwa Messager Ngozi Jimmy yoba abifisemwo uruhara?

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2020, niho umugwi Messager Ngozi wakina urukino rw’igice ca 16 gishira icanyuma c’igikombe c’umukuru w’igihugu n’umugwi Unité Fc w’i Muyinga ukina mu cicaro ca kabiri.

Messager Ngozi ikaba yaraye isezerewe itsinzwe na Unité Fc ibitsindo 2-1 ivyaraye bibabaje abakunzi b’umugwi Messager Ngozi aho bagiriza y’uko umumenyereza wabo ko yasuzuguye urwo rukino ari nayo mpamvu yoba yatumye basezererwa.

Jimmy Ndayizeye wewe abivuga kw’iki?

Kuri Jimmy wewe ivyo vyo kudatanguza abakinyi bakomeye ntabihakana aravyemera ariko ashimangira y’uko benshi muribo bahora barwaye akaba yaratinye y’uko basubira gukomereka mugihe umugwi wiwe uri mu migwi igihangana irondera igikombe ca Primus league .

Abakinyi batigeze batangura mu kibuga batangujwe muri urwo rukino baraye basezerewe na Unité Fc ni nka Iddy Muserem , Fataki Ally Intelligent , Olivier Bayizere , Karikera Ibrahim , Amini Abdoul , Ismael Nomono , Franck Congera.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871