footballhomepageIKIRUNDI_newsInkinokirundikirundi_Sportsprimus ligue

#indundi Sports | Haile , Ramires Banza , Jancy nibo batsindiye ubushimwe bw’amezi atatu aheruka

Haile Shalom yatsindiye agashimwe k’ukwezi kwa Nzero.

Murangira Ramise yatsindiye agashimwe k’ukwezi kwa Ruhuma

Tempo Jancy yatsindiye agahimwe ku kwezi kwa Ntwarante.

Kanianga Patrick Banza yatsindiye agashimwe k’ukwezi kwa Ndamukiza.

Inyuma y’amezi ashika kuri 4 hadatangwa ubushimwe bw’abakinyi bitwaye neza buri kwezi ,iIkinyobwa Primus Burundi kiri tayari kwishikira ku bibuga bitandukanye gushikiriza ubushimwe abakinyi baranze amezi ya Nzero , Ruhuhuma , Ntwarante na Ndamukiza 2022.

Ivyo birori bizokorwa imbere y’inkino z’umusi wa 30 ari nawo wa nyuma w’ihiganwa ry’umwaka 2021-2022 zitegekanijwe mu mpera z’iyi ndwi .

Ni ukuvuga igenekerezo rya 13 na 14 Rusama Umwaka wa 2022.

-Umukinyi yaranze ukwezi kwa Nzero 2022, akaba ari uwitwa Haile Shalom , uwo asanzwe ari umunyegori wa Athletico New Oil Academy y’Imuyinga

– Umukinyi yaranze ukwezi kwa Ruhuhuma 2022, ni uwitwa Murangira Ramires wa Top Junior yo mu Kayanza

– Umukinyi yaranze ukwezi kwa Ntwarante 2022, ni uwitwa Ngaliema Tempo Jancy asanzwe akinira Umugwi Aigle Noir Cs

– Umukinyi yaranze ukwezi kwa Ndamukiza 2022, ni Kanianga Patrick Banza asanzwe akinira Umugwi Bumamuru Fc wo mu Cibitoke .

Mwomenya y’uko abo bakinyi batowe n’abamenyeshamakuru 30.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891