footballIKIRUNDI_newskirundi_Sportsprimus ligue

# Indundi Sports | Hakizimana Alexis Sekho yitwariye umugwi Bujumbura City

Uwahora ari umumenyereza w’umugwi Bujumbura City wo mu cicaro ca mbere muri Primus league Hakizimana Alexis yitwariye umugwi Bujumbura City mu gisata kijejwe amategeko mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB.

Inyuma y’ikete ryari ryanditswe n’uburongozi bwa Bujumbura City igenekerezo rya 02 Ruheshi 2021, risaba y’uko Hakizimana Alexis ahagarikwa bivanye n’umusaruro muke yatanze mw’ihiganwa rya Primus league 2020-2021 Mairie ya Bujumbura niyo yahisemwo guhagarika amasezerano yari ifitaniye n’uwo mumenyereza.

Muri iryo kete nyene bakaba barasavye y’uko umumenyereza Alexis Hakizimana akurikiza ivyo yasabwe vyose n’igisagara ca Bujumbura mu misi 3.

Iryo kete rikaba ryasinyweko n’uwutwara igisagaca ca Bujumbura Commisaire de Police Jimmy Hatungimana .

Inyuma y’iryo kete umumenyereza wa Bujumbura City Hakizimana Alexis yahavuye yitwarira umugwi Buja City mu gisata kijejwe amategeko mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB .

Alexis mw’ikete yanditse yavuze y’uko kumusezerera atari bibi ariko bamubesheye bamwagiriza icaha canke amakosa atakoze .

Alexis asubira akavuga y’uko afise amasezerano y’imyaka 4 mu mugwi Bujumbura City akaba yari amaze gukora umwaka umwe gusa kandi yaratanze umusaruro yari yasabwe n’abatwara umugwi ariko munyuma yaguye mugahundwe ahawe ikete ryasinywe n’uwutwara igisagara ca Bujumbura kw’igenekerezo rya 22/06/2021 bihweje amanota umugwi waronse .

Alexis akabona y’uko hariho agahaze bivanye n’uko umukuru w’umugwi be n’abamufasha kuwurongora mu manama yose yakoresha abakinyi n’abamenyereza yabasubiriyemwo y’uko mission ari kugumiza umugwi mu cicaro ca mbere .

Mbega bibaho aho umuntu aba afitaniye amasezerano n’ishirahamwe kanaka canke umugwi kanaka hama ayo masezerano agahagrikwa ntibamurihe?

Indundi Sports ikaba igiye kurondera abajejwe umugwi Bujumbura City kugira batange umuco kuri iryo kete rya Hakizimana Alexis batazira Sekho .

Ikete Alexis Sekho yandikiye bujumbura City 👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿

 

Ikete ryo guhagarika Hakizimana Alexis Sekho 👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 315