homepagekirundikirundi_Sports

Haleluya Fc yiyandikishije mu mahiganwa y’igikombe c’umukuru w’igihugu

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 27 Munyonyo 2019 , niho hamenyekana ko umugwi Haleluya Fc usanzwe ukinamwo Nyenicubahiro umukuru w’igihugu nawo wamaze kwiyandikisha mw’ihiganwa ry’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu c’Uburundi “Coupe du Président”.

Ivyo bikaba vyanditswe ku rubuga ngurukanabumenyi Facebook y’umugwi wa Academie Les Messager Fc.

Mu kiyago gito kizigenza w’umugwi wa Haleluya Fc Paul Nsengiyumva yagiraniye na Academie les Messager yavuze y’uko baravye imigwi yiyandikishije muri iryo higanwa basanga hari iyitari mike bohiganwa kandi bakanayitsinda.

Akaba yagize ati

“Twaravye imigwi yiyandikishije muri iryo higanwa dusanga hari iyitari mike twohiganwa tukanayitsinda naho ari uko intumbero yacu atari iy’ukurwanira igikombe ahubwo ni ukwifadikanya n’abandi bivanye n’uko iryo higanwa rihuza imigwi myinshi cane yo mu gihuhu, Haleluya Fc ikaba iheruka gutsinda bikomeye imigwi y’i Makamba hamwe na Rumonge.

Mukamenya y’uko iryo higanwa ryitiriwe igikombe c’umukuru w’igihugu ari ihiganwa ryugururiwe imigwi yose yitunganije neza kandi ivyipfuza hatabanje kurabwa ivyicaro irimwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871